}); Tanzania yamaze kwugara ibigo vyo gupima no kuvura Corona kubera ata bagwayi bashasha bakiboneka - bujahits.com

News

Tanzania yamaze kwugara ibigo vyo gupima no kuvura Corona kubera ata bagwayi bashasha bakiboneka

on

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gihugu ca Tanzania bwamaze gutangaza ko bwugaye ibigo 74 kuri 85 vyari vyubatswe kugira abanyagihugu bapimwe coronavirusi, imvo nyamukuru ikaba ari uko ata bagwayi bashasha bakiboneka, ubu bushikirangaji bukaba bwemeje ko umugera wa corona wamaze kugabanuka ku rugero runini mw’iki gihugu.

Perezida Pombe Magufuli n’ubwo yemeye ko ibibanza bihuriramwo abantu benshi vyugarwa, yariyamirije ivyo guhagarika ingendo z’imodoka niniya zitwara ibidandazwa hirya no hino muri Afrika y’Ubuseruko

Umushikiranganji w’amagara y’abantu Ummy Mwalimu akaba yashikirije ayo majambo mw’itangazo yasohoye kuri uwu wa gatanu , inyuma yo kwugara ikibanza abagwayi ba corona bavurirwamwo ahitwa Lulanzi mu muzunguruko wa Kibaha. Yagize ati: “Umurwayi wa nyuma wa corona muri iki kigo ca Lulanzi, yemerewe gusubira muhira iwe italiki 26 Rusama 2020 kandi kuva ico gihe nta wundi murwayi mushasha araboneka mw’iki kigo “.

Ummy Mwalimu akaba yavuzeko muri Tanzania hasigaye ibigo 11 gusa vyo gupima no kwitaho abagwayi ba corona, akamenyesha ko n’ibi bigo bishobora kwugarwa bivuye ku kuba abarwayi bashasha batakiboneka. Ibi bigo bikaba bitanga n’ubundi bufasha mu vyerekeye ubuvuzi uretse gupima no kuvura corona gusa.

N’ubwo biri ukwo, Umushikiranganji w’amagara y’abantu muri Tanzania yagabishije abanyagihugu kubandanya bikingira kandi bakingira bagenzi babo kugira birinde ko haboneka abandi bagwayi benshi ku rugero runini nk’uko biri mu bihugu vyinshi hirya no hino kw’isi.

Abanyagihugu ba Tanzania batamariye uwudandaza ibinyamakuru birimwo inkuru zivugako corona yamaze kugabanuka mu gihugu

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri Tanzania bukaba buheruka gutangaza ku mugaragaro ibiharuro vy’abagwaye corona Italiki 29 Ndamukiza, ico gihe abarwayi bakaba bashika 509 hamwe n’abashika 21 bahitanywe nico kiza.

Uburongozi bwa Dar es Salaam bukaba bwaramenyeshejeko amashure yari yarahagaze agiye gusubira kubandanya mu gihugu cose guhera mu mpera z’ukwezi kwa 6 guheruka, ariko ingendo zo mu kirere n’ibijanye n’urudandaza bikaba bitararekurwa.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *