}); Tanzania : Umugabo w'imyaka 50 yagirizwa gufata ku nguvu no kwonona abana bari hagati y'imyaka 5-7 - bujahits.com

News

Tanzania : Umugabo w’imyaka 50 yagirizwa gufata ku nguvu no kwonona abana bari hagati y’imyaka 5-7

on

Umugabo umwe azwi kw’izina rya Felix Rwecungura asanzwe aba mu karere ka Isamilo Msikitini mu ntara ya Mwanza mu gihugu ca Tanzania, yagirizwa kuba yarafashe ku nguvu akongera akonona abana bashika kuri batanu bafise imyaka iri hagati ya 5-7 kandi akaba ubwo bugizi bwa nabi yabukoze kenshi.

Bivugwa ko uwu mugabo w’imyaka 50 yagirizwa gufata abo bana ku nguvu ata kinya , benshi mubaba muri karitiye abayemwo bamutinya kuva kera nk’uko umugore wiwe Janeth Steven yabisiguye.

Bamwe mu bana bononywe nuwo mugabo w’ikivume, bavuga ko uyu mugabo yabahamagara akabajana mu cumba maze akabategeka gukura impuzu , nyuma y’ivyo agaca ababoha maze agakora ako kabi kabishe.

Abavyeyi bari bakwiye kuyaga no kwigisha abana babo ivyobashikira n’ingene bovyirinda kuko isi yarameze amenyo

Yassin Ally asanzwe ari umuyobozi w’Ishirahamwe riharanira agateka k’abana n’abakenyezi asaba abavyeyi kwama imisi yose bama bayaga n’abana babo kugira bamenye ibibashikira buri musi no kubigisha ingene bokwifata mu bihe bimwe bimwe.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *