}); RD Congo havutsemwo iyindi leta nshasha - bujahits.com

News

RD Congo havutsemwo iyindi leta nshasha

on

Igihugu ca R.D CONGO coba kigiye gusambuka ?

Igihugu ca Republika iharanira kizwi kuba ari kimwe mu bihugu vya mbere bifise ubutare bwinshi bw’agaciro. Kuba ari kinini cane, vyatumye leta y’iki gihugu idashobora kugenzura neza uturere twose, henshi ubutare bw’agaciro bukaba bucukurwa n’imigwi y’abagwanyi isanzaye hirya no hino mu gihugu. Republika Iharanira Demokrasi ya Congo nico gihugu kirimwo akajagari kenshi bitewe n’ubudumbidumbi bw’abitwaje ibirwanisho usanga kenshi bashamirana kubera uturere turimwo ubutare n’amabuye y’agaciro.

Republika iharanira Demokrasi ya Congo irimwo imirwi irenga 100 y’abagwanyi

Mu ntara ya Kivu y’ubumanuko habonetse ibendera mu muji wa Bukavu uri mu buseruko bwa Congo, iri bendera rikaba ryanditseko amajambo yerekana ko habayeho ivuka rya Republika nshasha ya Kivu izoba irongowe na perezida Marcelin Chishambo.

Mu gisagara ca Bukavu habonetse iri bendera

Kugeza ubu akaba atawuramenya uwiyitirira kumanika iryo bendera maze yemeze ko hari Leta nshasha yashinze.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *