}); Perezida Donald Trump yabujije ikoreshwa rya Tik Tok ku butaka bwa Amerika - bujahits.com

News

Perezida Donald Trump yabujije ikoreshwa rya Tik Tok ku butaka bwa Amerika

on

Perezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yamaze gutangaza ko guhera ku musi wa gatandatu agiye kwugara urubuga rwa Tik Tok akongera akavuga ko uru rubuga rutazosubira gukora ku butaka bwa Amerika , akaba atipfuza na gato uru rubuga rufise inkomoko mu gihugu c’Ubushinwa.

Yagize ati : «Ngiye kwihaniza nongere nirukane ikoreshwa rya Tik Tok ku butaka bwa Amerika kandi nta nuko nipfuza ko hari kompanyi nimwe yo muri Amerika yohirahira ngo igure uru rubuga” . Ibi akaba abivuze inyuma yaho ishirahamwe Microsoft ritangaje ko ryipfuza kugura Tik Tok. Microsoft rikaba risanzwe rikora za mudasobwa nama applications menshi akoreshwa muri za mudasobwa na terefone ngendanwa.

Ibi vyose biri kuba nyuma yaho uru rubuga rwa Tik Tok rufise icicaro mu Bushinwa ari nayo rwakorewe ruvuzwe ko ruriko rutuma ubutunzi bwa Amerika bwinjirirwa kandi umutekano wa Amerika ukaba uriko ugeramirwa hifashishijwe uru rubuga, bikanavugwa ko ubutegetsi bwo mu Bushinwa buriko bwinjirira Amerika mu kuza bwumviriza ibiyago vy’abanyamerika bakoresha Tik Tok, ibi bikaba vyohava bitoba amatora yimirije.

Kugeza ubu, nta mvo nimwe iboneka Perezida Donald Trump yoba yisunze kugira abuze ikoreshwa rya Tik Tok, akaba ari nayo mpamvu ishaka ryiwe rishobora kuburizwamwo nabo basangiye kuyobora Amerika.

Kompanyi ya Microsoft bivugwa ko yari yamaze kuja mu biganiro na kompanyi ya ByteDance yakoze iyi application ya Tik Tok kugira iyigure ariko Trump akaba aje kuba ibariyeri ituma bidashoboka.

Mu gihe ivyo Trump yavuze vyoshirwa mu ngiro, amakuru atandukanye amenyesha ko kompanyi ya ByteDance izoca ihagarika ry’ikoreshwa rya Tik Tok ku butaka bwa Amerika.

Umuvugizi wa gahunda za Tik Tok akaba yashimye kutagira ico ashikirije ku bijanye de n’amajambo Trump yavuze ariko akaba yabwiye ibinyamakuru ko kompanyi avugira yizeye ko Tik Tok igifise igihe kirekire co gukorera ku butaka bwa Amerika.

Iri buzwa rya Tik Tok rikaba rije mu gihe icuka hagati ya Amerika n’Ubushinwa atari ciza bivuye ku ngorane z’ubutunzi Amerika iriko ihura nazo, izo ngorane zose zikaba zatewe n’ikiza ca koronavirusi kiriko ciha inkumbi hirya no hino kw’isi.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *