}); Lycée Communal Musenyi, umunyeshure yataburiwe diplôme kubera kunyegeza igitabu - bujahits.com

News

Lycée Communal Musenyi, umunyeshure yataburiwe diplôme kubera kunyegeza igitabu

on

Umunyeshure azwi kw’izina rya Nduwayo Ézéchiel yari ahejeje igisata c’indome kuri Lycée Communal Musenyi iri mu ntara ya Bubanza yatswe uburenganzira bwo kuronka urupapuro rw’umutsindo kubera yanyegeje igitabu cafasha abanyeshure gukora imyimenyerezo ijanye n’ikibazo ca leta gitanga uruhusha rwo kubandanya kuri kaminuza cimirije (livre des Épreuves-type ).

Ubuyobozi bwa Lycée Communal Bubanza bumenyesha ko uwu munyeshure yagirizwa amakosa menshi harimwo gusiba imisi ine ataza kunoganza ivyigwa n’abandi banyeshure bagenzi we (séance de renforcement). Guhera italiki 13 gushika italiki 17 akaba atarigera asubira kuboneka kugira ategure ikibazo ca leta. Irindi kosa rihambaye yakoze, n’uko uwu munyeshure yanyegeje igitabu c’imyimenyerezo ifasha kwitegurira ikibazo ca leta , ico gitabu kikaba arico abarezi n’abanyeshure bifashisha mu gukora imyiteguro. Uyu munyeshure usivye ko yakoze ayo makosa yose, yagirizwa kuba yarazimije nimero za terefone ziwe zose kugira ntibamutore.

Ibihano uwu munyeshure yafatiwe ni ruhasha kuko diplôme yiwe y’uwu mwaka yamaze gutaburwa, akaba mbere yanagabishijwe ko atokwirigwa arirusha ngo yitegure gukora ikibazo ca leta kubera ata burenganzira na bukeya abifitiye.

Itangazo rimenyesha ibihano umunyeshure Nduwayo Ézéchiel yahawe nyuma yo kunyegeza igitabu

Ubuyobozi bwa Lycée Communal bukaba bwongeye kugabisha uwu munyeshure ko bugiye kwitura inzego z’umutekano mu gihe horenga igenekerezo rya 20 Mukakaro 2020 ataragarukana igitabu c’ama Épreuves type yatwaye. Ubuyobozi bukaba kandi bwaboneyeho n’akaryo ko kugabisha abanyeshure ko atawohirahira ngo akore ako kabi kabishe mu kugerageza kufatira mu rwara ibijanye no gutegura ikibazo gitanga uruhusha rwo kubandanya kaminuza.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *