Kubanyagihugu barenga 50.000 gusa ico gihugu gifise, abagore bajejwe gukama inka zabo mu mirimo yabo ya misi yose kugira babungabunge abana babo n’ibindi biranga urugo; mugihe abagabo babo baba baragiye guhiga inyamaswa mu mashamba ya kure iyo bamara igihe kirekire cane. Abo bantu bo muri ako karere, umwe wese ubutunzi bwiwe burangwa n’ubusho afise bw’ibitungwa. Ni abantu basanzwe barongora abagore benshi cane kandi igitangaje n’uko abakobwa barondererwa abagabo na ba se babo iyo bamaze gushika mu bigero.
Mumico yabo bavuga bati, ha icubahiro umushitsi. Iyo nk’ingenzi y’igitsina gabo ije idodora ku muryango yaka indaro hakaba hari umugore mw’ugo rugo, serugo akora umuco bita Okujepisa Omukazendu. Uwo nawo ukaba usigura ko umugore ahabwa umushitsi bakararana bugaca, maze se rugo nawe akaryama mu kindi cumba canke iyo bishitse inzu ntigire icumba akarara hanze.

Abanonosoye ivy’imibano; bavuga ko uyo muco ari mwiza cane kuko abantu baca babaho batinubana kandi bigatuma n’ubucuti bukomera mu bantu. Igitangaje, umugore ntaburenganzira afise bwo kwanka umushitsi iyo biramutse bishitse. Ategerezwa kwemera ico umugabo wiwe amutegetse ataguhigimanga. Gusa, rimwe na rimwe ngo iyo bishitse akanka kuryamana n’umushitsi, biba ngombwa ko abo bagabo bompi barara mu cumba kimwe na wa mugore.

Iyo migenzo mwe mwumva ibereye?