}); Minisitire yashimiye Sénégal yakuye Afurika mw'isoni mu mikino y’ Igikombe C’Isi: RABA AMAFOTO>> - bujahits.com

Videos

Minisitire yashimiye Sénégal yakuye Afurika mw’isoni mu mikino y’ Igikombe C’Isi: RABA AMAFOTO>>

By

on

Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga, ubutwererane n’ibikorwa vy’Umuryango wa Afurika y’Iburasirazuba, Louise Mushikwabo, yashimiye ekipe y’igihugu ca Sénégal yatsinze Pologne ibitsindo bibiri kuri kimwe, igakura igice c’Afurika mw’isoni, raba ko ibindi bihugu vyawuserukiye vyabaye insina ngufi mu gikombe c’Isi ca 2018.

Afurika yaserukiwe n’ibihugu bitanu mu Burusiya, bine birimwo Maroc, Misiri, Nigeria na Tunisia vyatsinzwe imikino ya mbere.

Kuri uyu wa Kabiri hari hatahiwe Sénégal yafatanye na Pologne ya Robert Lewandowski.

Iyi ekipe itozwa na Aliou Cissé yatanguye ikina neza nta gihunga iza kubona igitsindo ku munota wa 37 citsinzwe nabimyugariro wa Pologne, Thiago Cionek kw’ishuti ryari ritewe na Idrissa Gana Gueye, ashatse gukiza izamu ahubwo awusunikiramwo.

Mu gice ca kabiri, umutoza Adam Nawalka wa Pologne yakoze impinduka, akomeza ubwugarizi bwari bwahuye n’akazi katoroshe yinjiza Jan Bednarek asimbuye Jakub Blaszczykowski, gusa ntivyabujije Abanya- Sénégal kuguma gukina neza ndetse vyaje no kuyihesha igitego ca kabiri ku munota wa 60 ca Mbaye Niang.

Umukino ugira uhere, Pologne yabashije kwishuramwo igitsindo kimwe catsinzwe na Grzegorz Krychowiak ku munota wa 86, igerageza gushaka n’ikindi cari kuyihesha inota rimwe irakibura.

Minisitiri w’Ububanyi n’Amahanga w’u Rwanda, Mushikiwabo Louise, abinyujije kuri Twitter yashimiye cane Sénégal.

Yagize ati “Ndashimira abavandimwe bacu b’Abanya-Sénégal ku kwitwara neza mu gikombe c’Isi ca 2018. Sénégal ihesheje icubahiro Afurika.”

Iyindi ekipe yo muri Afurika ihanzwe amaso kuri uyu wa kabiri ni Misiri ikina n’u Burusiya, ikaba isabwa gutsinda bikunze bitaba ivyo igaca isezererwa muri iri higanwa.

Mu wundi mukino wabaye, u Buyapani bwatsinze Colombia buyitsinda ibitsindo 2-1 vya Shinji Kagawa kuri penaliti na Yuya Osako mu gihe impozamarira ya Colombia yatsinzwe na Juan Quintero.

Wojciech Szczesny yahoze akinira Arsenal ntiyashoboye gusamira Pologne ku mipira ibiri yinjiye mw’izamu ryayo

Vyari ivyishimo kuri Sénégal inyuma yo kwitwara neza ikaba igihugu ca mbere co muri Afurika gitsinze umukino mu gikombe c’Isi ca 2018

Facebook Comments

About Bujahit

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *