}); Menya umu Star "Simi" - bujahits.com

Entertainment

Menya umu Star “Simi”

By

on

Umuririmvyi akaba n’umwanditsi w’indirimbo Simisola Bolatito Ogunleye azwi kw’izina rya Simi, yavutse igenekerezo rya 19/04/1988, mu gihugu ca Nigeria. Abavyeyi biwe bagiye kwahukana afise imyaka 9, ariko ntivyatuma ahagarika amashure. Yize rero kuri Covanant University ibijanye na Mass Communication.

Simi yatanguye kuririmba indirimbo z’Imana mu makorare yo mw’isengero imbere y’uko atangura kuririmba indirimbo z’urukundo n’izindi zitandukanye. Album yiwe ya mbere yise “Ogaju” yayisohoye mu mwaka wa 2008. Umwuga wiwe rero, wagiye kumenyekana cane mu mwaka wa 2014 igihe yasohora indirimbo ishushe cane yise “Tiff”. Indiririmbo Tiff, yaratumye Simi amenyekana cane kurundi rwego, ndetse ija muzihiganirwa agashimwe mu bibanza bi bibiri. Mu mwaka wa 2015, yaratsindiye agashimwe kitwa Nigeria Music Award. Ivyo vyatumye rero aca ahabwa Contrat na X3M Music maze bimworohera gusohora Album yiwe ya kabiri yise “Simisola”.

Igenekerezo rya 14/2/2016, yarasohoye akandi karirimbo yise “Love don’t care”,  kavugijwe cane ku maradio yo muri ico gihugu ca Nigeria. Ako karirimbo kakaba katera ivyatsi abanka kubakana ngo n’uko badasangiye imico, imiryango canke ubwoko.

Mu kwezi kwicumi 2016, yaracaguwe kandi guhiganirwa ubundi bushimwe muco bise the Best Breakthrough Act category |MTV Africa Music Award.

Akaririmbo kiwe Joromi, nanje nkaba ndagakunda cane, kuko kari murutonde rw’indirimbo nkunda kumviriza.

«Ntamwuga udakiza kiretse uwo kuroga»

Facebook Comments

About bujahit

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *