}); Menya impamvu nyezina Kevin Gakiza na Landry Rukundo bavuye muri Buja FM - bujahits.com

News

Menya impamvu nyezina Kevin Gakiza na Landry Rukundo bavuye muri Buja FM

on

Abamenyeshamakuru babiri b’inkino bari bakunzwe cane kuri Radiyo Buja FM aribo Landry Rukundo na mugenzi we Kevin Gakiza ubu ntibakibarizwa mu kiganiro c’inkino gica kuri Buja FM. Imvo ya vyose n’uko aba basore basavye ubuyobozi bwa Buja FM kugira ico buhinduye mu bijanye n’uko bakorana, inyishu imaze kubura bahitamwo gutanga imihoho.

Bagira bati: “Twatanze imihoho muri [radiyo] Buja FM inyuma yaho tugabishije uburongozi bw’iradiyo dusaba ko ibibazo bijanye n’ingene tuyikorera bitorerwa umuti ntihagire ikivamwo”

Nyuma yaho abo basore batangiye imihora, ubuyobozi bwa Buja FM bwashize ahabona itangazo rigabisha uwo ariwe wese yokorana nabo, mbere bunamenyeshako ko amatohoza kuri abo basore babiri abandanya.

Itangazo ryasohowe na Buja FM

Nyuma y’itangazo rya Buja FM risa naho ririko ribuza aba basore kwerekeza ku wundi mukoresha, Kevin Gakiza na Landry Rukundo ntabwo banezerejwe n’itangazo rya Buja FM.

Bagize bati: ” Umwanya ntiwari muto dutororokanya amakuru y’inkino tukongera tukayabashikiriza kuri Buja fm. Mu kubaganiriza vyaduha umunezero udasanzwe twasangira namwe bakunzi b’inkino. Ariko bivuye ku bibazo vyinshi tutoshikiriza ngaha ku bw’ineza y’iradio n’abakozi bayo, igihe cabaye kinini twihanganira utunenge dutuma tudakora nk’uko twategerezwa. Guhagarika akazi, benshi babibona nk’ubujuju ariko gukora akazi umutima udatekanye n’ikindi. Twakoranye n’abagenzi bacu neza, twarahuje nabo, twarafashanya aho bigoranye n’ubwo ibibazo tubisangiye. Turabibashimira vy’imvamutima. Guhagarika akazi n’uburenganzira bwa buri mukozi yumva ko bitagikunda ko abandanya. Tugatangazwa n’ukungene ubuyobozi bw’iradiyo bwihuse kutwambika iceyi ngo “Hagiye kuba amatohoza” mu gihe twasubije ivya ngombwa vy’akazi tukanashikiriza umuyobozi amabaruwa yuko duhisemwo guhagarika. Aha twagira dutange umuco ko atari iradiyo itwirukanye ariko twahisemwo guhagarika akazi nk’uko uburenganzira bwacu bubitwemerera. Dusaba ko uburongozi bwa Buja FM bwodukurako iceyi bwatwambitse kuko kutuguragaza [ku rubuga rwa Buja FM] nk’aho turiko turaronderwa n’ibara ku mutemere. Mbega aha professionnalisme mu mwuga yoba yubahirijwe ? (iki ni kimwe mu vyo twaharanira).
Turangije dushimira abo twakorana, abatwumvirije n’abadushigikira mu buryo butandukanye, mwatubereye incuti zidasanzwe !!! Muhezagirwe “

Aba basore babiri bakaba biyongereye ku bandi bakozi batari bake bagiye bava muri Buja FM ata vyinshi bivuzwe, ushizemwo na Gisa Styvo, umumenyeshamakuru w’inkino yari akunzwe cane.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

1 Comment

  1. David nikiza

    June 17, 2020 at 8:09 pm

    Nkabakunzi ba buja fm nashaka gushikiriza iciyumviro canje cukuntu muriko mwisamburirako nkibitungwa nimba habaye ikosa hagati yabakozi hakagira ico basaba muba mukwiye kubitorera umuti vyiza mwogira ibiganiro mukagarukana umwumvikano nabakozi bagasubira kukivi landry hamwe na kevin bagiye b sport mwoba musigaranye inde atari arsene gusa

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *