}); Lycée du Lac Tanganyika, abanyeshure bidoze bavuga ko bayobejwe kubera ubwoko barabeshe - bujahits.com

News

Lycée du Lac Tanganyika, abanyeshure bidoze bavuga ko bayobejwe kubera ubwoko barabeshe

on

Haraheze imisi itari mike hari abanyeshure bo kuri Lycée du Lac Tanganyika bari bakwiragije ubutumwa bw’amajwi ku mbuga ngurukanabumenyi , ubutumwa bwavuga yuko barenganijwe barayobezwa kubera ubwoko bwabo . Aba banyeshure bakaba bagiriza abigisha babo ko batanditse amanota baronse mw’ishure , ibi bikaba vyatumye babura uburenganzira bwo kuronka urupapuro rw’umutsindo. Induru yabo yashitse kure nk’uko bari bavyipfuje, Ubushikiranganji bw’indero bukaba bwaciye burungika umugwi urongowe na Tharcisse Niyongabo kugira utohoze ibijanye n’iki kibazo, ariko uwu mugwi wasanze aba banyeshure BARABESHE.
Tharcisse Niyongabo akaba amenyeshako aba banyeshure bakosowe hisunzwe itegeko nshikiranganji rigena ingene umwana yunguruzwa n’ingene aronka urupapuro rw’umutsindo.
Agira ati : « Inyuma yo gusuzuma impapuro z’ibibazo nmama interrogations twasanze abo banyeshure batarenganijwe. Twaravye amanota ari ku ma bulletins yabo n’ayari ku mpapuro bakoreyeko ibibazo kuva umwaka ugitangura gushika uhere, ama examens n’ama interrogations. Ku vyo twabonye, turabona yuko amanota ari ku ma bulletins ariyo dusanga ku ma copies y’ibibazo n’ama interrogations. »
Ku bijanye n’imyidogo y’abanyeshure babiri bakwiragije ubutumwa bw’amajwi ku rubuga rwa whatsapp bavuga ko bibwe amanota, Tharcisse Niyongabo agira ati : « Uwitwa Miburo Berchmans, mu gice ca mbere yaronse ibice 35 kw’ijana , ica kabiri ibice 49 kw’ijana, ica gatatu ibice 52 kw’ijana, umwaka wose aca agira ibice 46 kw’ijana, umwaka wose akaba afise échec mu biharuro, physique ,biologie, chimie ama cours makurumakuru mu gisata yahora yiga ca Biochimie, eka na mugenzi we yitwa Majambere ngo ni kwo kukwo , akaba yaronse mu gice ca mbere ibice 32 kw’ijana, ica kabiri ibice 52 kw’ijana , ica gatatu ibice 52 kw’ijana, maze umwaka wose akagira ibice 45 kw’ijana, akaba yayobewe mu vyigwa vy’ibiharuro, chimie, biologie na physique. »

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *