}); Liverpool yamaze gutwara igikombe ca Premier League: Jurgen Klopp amarira yamurenze - bujahits.com

Sports

Liverpool yamaze gutwara igikombe ca Premier League: Jurgen Klopp amarira yamurenze

on

Ukuba Manchester City yakinye nabi, cane cane ku ruhande rwo kuzibira vyatumye itakaza amahigwe yose yo gutwara igikombe ca Premier League. Abakinyi b’inyuma ba Man City ikosa nibo rigwako cane kuko batumye umugwi wa Chelsea ubatsinda bitawugoye cane. Igitsindo ca kabiri ca Chelsea biboneka neza ko cinjiye bivuye ku gusamara kw’abakinyi b’inyuma ba Man City, igitsindo biboneka neza ko iyo Vincent Kompany aba yari agikina kitari kumwinjirana.

Inyuma yaho umurwi wa Chelsea utsinze Manchester City ibitsindo 2-1 , vyatumye umugwi wa Liverpool uca utwara igikombe ca shampiyona.
Jurgen Klopp amaze kubibona amarira yamurenze ubwo Liverpool yatwara igikombe ca Premier League inyuma y’imyaka 30 itagikabakaba. Mu majambo yabwiye ikinyamakuru Sky Sport yagize ati:
“Iki ni igihe kidasanzwe kuri jewe. Numva ndengewe n’umunezero. Sinari nzi ko vyoshitse aha hose.”

Kubera coronavirusi, abafana ba Liverpool ntabwo bemerewe kwigina intsinzi mu mabarabara, ariko Jurgen Klopp ntiyigeze abibagira. Yababwiye ati: ” Ndazi ntabwo mwemerewe kuva mu mazu yanyu, murashobora guserebura muri mu mazu canke mugasohoka hanze y’amazu ariko ntimurenge ibarabara. Umunezero wose dufise turiko tuwusangira namwe. Igihe nikigera bigakunda tuzoserebura”

Ariko n’ubwo biri ukwo, abafana ba Liverpool ibihumbi n’ibihumbi, inyuma yo gutwara igikombe ca shampiyona baragiye guserebura ku kibuga ca Anfield mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane.

Abafana ba Liverpool vyanse ko bigumya, mw’ijoro ryo kuwa kane baje guserebura intsinzi mu micungararo y’ikibuga ca Anfield

Iki gikombe kibonetse inyuma y’imyaka 30 ata gikombe ca shampiyona cerekeza i Anfield, Liverpool ikironse ifise amanota 23 isumvya umugwi wa Man City waza mu kibanza ca kabiri, kandi ikaba yibikiye inkino zishika 7 itarakina.

Umumenyereza Jurgen Klopp akaba yizera ko umugwi wiwe ugiye kubandanya amateka no mu myaka igiye kuza. Yagize ati: “Aba bakinyi banje nta na rimwe bigeze bamaramaza muri iyi myaka 3 irangiye. Ni umunezero mwinshi kuri jewe kuba nitwa umumenyereza wabo. Kuva nshitse mu mugwi iki gikombe dutwaye nico giteye umunezero mu bakinyi no mu bafana kuruta ikindi kintu cose. Ariko n’ukubandanya tuja imbere, urugamba ntabwo ari urw’uno mwaka gusa”

Jurgen Klopp akaba yari yashitse mu mugwi wa Liverpool mu mwaka wa 2015 avuye kumenyereza umugwi wa Borussia Dortmund mu gihugu c’Ubudagi.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *