}); Ligue 1: PSG niwo mugwi wahawe igikombe c'ihiganwa, umugwi wa Lyon ntuzokina Champions League ku mwaka uza - bujahits.com

Sports

Ligue 1: PSG niwo mugwi wahawe igikombe c’ihiganwa, umugwi wa Lyon ntuzokina Champions League ku mwaka uza

on

Ni igikombe gitanzwe mu buryo budasobanutse neza , ariko ni igikombe uko biri kwose kuko camaze gutangwa. Umugwi wa PSG ukaba wakinye inkino 27 gusa mu nkino 38 zari zitegekanijwe ariko ntivyakunze ko ihiganwa ribandanya kubera ikiza coronavirusi kiriko kiratema gitongora ku mpande zine z’isi.

Nubwo ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu gihugu c’Ubufaransa ryahagaritswe ritaragera ku nsozero yaryo kubera ikiza coronavirusi, PSG yamaze gutahukana igikombe ca shampiyona mu cicaro ca mbere, umugwi wa Lorient nawo ukaba watwaye igikombe co mu cicaro ca kabiri.

Ibi ni bimwe bikuru bikuru vyatumye PSG ihabwa igikombe:

-Umurwi wa PSG niwo wari mu kibanza ca mbere urongoye ihiganwa

-PSG itwaye igikombe c’ihiganwa yarusha umugwi wa kabiri amanota 12 yose kandi yari ifise urukino rumwe rw’ikirarane

-Imigwi ya Lorient na Lens yadugijwe mu cicaro ca mbere mu gihe imigwi ya Toulouse na Amiens yakorotse mu cicaro ca 2

-Ivyo vyose bikaba bibaye nyuma yaho ubutegetsi bw’Ubufaransa butangaje ko ata higanwa na rimwe rya siporo rizongera kuba gushika muri Nyakanga 2020.

Uko urutonde rwa shampiyona rwari rwifashe muri Ligue 1

Kubera igikombe PSG itwaye muri uwu mwaka w’inkino wa 2019-2020 , iciye ikwiza ibikombe 9 bitumye ica ibinganya n’umugwi wayo mukeba w’ibihe vyose Olympique de Marseille ; bikaba bishoboka ko ku mu mwaka ukurikira izoshikira igitigiri c’ibikombe umugwi wa AS Saint √Čtienne ufise, uwo nawo ukaba wibitseko ibikombe 10 Vyose.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

1 Comment

  1. Sostene Tinyimana

    April 30, 2020 at 10:14 pm

    Hama PSG nigitware
    yaribikwiye ariko

    Espanye naho hari imigwi ibiri ihanganye
    niyompamvu ituma badashoka batanga igikombe kuko arimigwi yibihangange

    mbega EPL nayo gute?

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *