Murugendo umuririvmyi Maréchal Femi de J’Abat asanzwe arongoye abaririmvyi bose baba mu mahanga yahoramwo mu gihugu c’Uburundi, vyaramutangaje cane aho yagiye gutanga imfashanyo kubamugaye muri komine Isare iri mu ntara ya Bujumbura, abifashijwemwo n’ishirahamwe VONECOVIC , maze ahura n’umuntu amaze imyaka 25 apima ibiro indwi (7) gusa.
Uretse ko uwo muririmvyi yari yaje gutanguza iyandikwa ry’igitabo yise « Encyclopédie de la Musique Burundaise », igitabo kizojamwo abaririmvyi b’Abarundi bariho n’abatakiriho ; yaranashoboye gutanguza ku mugaragaro Fondation Femidejabat yitirirwa.
Mu ngendo zitandukanye yagize hagati mu gihugu, Femi yarafashije abatari bake muri ba ntahonikora harimwo Abatwa hamwe n’Abamugaye batandukanye. Yaragiye no kuramutsa umuvyeyi yibarutse umuririmvyi rurangiranwa Canco Amisi mu ntumbero yo guha icubahiro umwana wiwe.
Imbere y’uko asubira inyuma, yarishikiye kukirimba abonana na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi, bakaba barayaze ibitari bike tuzogarukako hanyuma.

Umuririmvyi Femi, yarabonanye na nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi imbere y’uko asubira muri Norvège
Twobibutsa ko Femi yabaye umuririmvyi wa mbere yitanze atiziganya mugufasha abagowe no mukwiyemeza kunagura umuziki w’Uburundi.
Twizeye ko rero n’abandi baririmvyi bamaze gutera imbere bomwigirako mugukora ivyiza nabo.