Burya abahinga bavuga ko hari ibice bimwe na bimwe vy’umubiri wacu biba bifitanye isano ikomeye n’ingene tuba duteye mubuzima bwacu canke na kamere yacu, aha rero tugiye kurabera hamwe ingene burimunti ateye bitewe n’uko umukondo wiwe uremye canke umeze
Uburyo bwo kuraba imwe mu myitwarire y’umuntu kanaka hakoreshejwe kurabira ku miterere y’umukondo wiwe bwagiye bukoreshwa kuva kera cane
Abantu bafise umukondo wiburungushuye
Abantu bafise umukondo umeze uku bamana ivyishimo, bipfuza buri gihe ko gahunda zabo zigenda neza gusa bigatuma babaho bishimye, Aba ngo n’iyo bahuye n’ivyago canke amakuba bakora akazi kabo batwenga ntibakunda kwerekana umubabaro mu bandi, bamana icizere c’ejo hazoza
Abantu bafise umukondo munini cane ariko urimwo imbere
Abantu bafise umukondo umeze uku baboneka nk’abantu basiguritse kandi bagira Ubuntu cane, iyo bafise ivyo batanga ntibita kukuntu bingana batangana umwete wabo wose, bagira umutima wo gufasha buri wese ari mu kaga, bazwiko gukemura amakimbirane mu bwitonzi n’ubushishozi buhambaye
Abantu bafise umukondo utoboyemwo gato cane
Ubushakashatsi bwerekanye ko aba bantu bagira ibanga mu buzima bwabo, ikindi ntibakunda kwinjira mu buzima bw’uyundi muntu ngo bipfuze kumenya vyinshi kuri bagenzi babo, ivyo babonye ni ivyo, mu miterere yabo ntibizera umuntu uwo ari we wese babonye
Abantu bafise umukondo uja imbere
Abantu bafise umukondo umeze uku, bama batekanye kandi bakunda gutekereza cane, barikunda bishira imbere muri vyose, baba bashaka kuboneka cane kandi mu rukundo bakunda kwibaza ibibazo vyinshi kuko bibagora guhitamwo uwo bakundana kuko bipfuza umukunzi ameze nka bo, yiyumva nkuko biyumva
Abantu bafise umukondo munini ariko uraba hejuru
Bene aba bantu baba baravutse neza cane, bishimira kubaho mu buzima bwabo, bamana inguvu zo gukora kandi bakunda guhanga bishasha mu buzima bwabo, mu kubaho kwabo baba bafise intego y’ibanga mu mutima bipfuza kugerako
Abantu bafise umukondo munini utoboyemwo ariko uraba hasi
Aba bo bamana iguvu nke mu buzima bwabo batandukanye n’abo tumaze kuvuga haruguru, gusa naho berekana inguvu nke, bagirubwenge bwinshi, ibintu vyabo babikorana inguvu nke ariko biba birimwo ubwenge, ubuke bw’inguvu bagira rero ngo buba bwahereye mu kwiyumvira ibintu vy’ubwenge bigatuma inguvu z’umubiri ziba nke ariko bafise ivyiyumviro bizima