}); Ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bufaransa ntirizosubira kuba ariko La Liga muri Esupanye amahigwe ni yose ko itangura vuba - bujahits.com

Sports

Ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Bufaransa ntirizosubira kuba ariko La Liga muri Esupanye amahigwe ni yose ko itangura vuba

on

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubufaransa yamenyeshejeko ata higanwa rya siporo nimwe rizongera kuba gushika mu kwezi kw’icenda 2020, aho ni mu gihe muri Esupanye bamaze kwemererwa gusubira mu myimenyerezo guhera italiki 04 Rusama.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, Edouard Philippe yamenyeshejeko amahiganwa makuru ya siporo harimwo n’umupira w’amaguru bitazosubira gushoboka mu gihugu gushika mu kwezi kw’icenda, vyumvikanako inkino zo muri uwu mwaka w’inkino wa 2019-2020 mu cicaro ca mbere (Ligue 1) no mu cicaro ca kabiri (Ligue 2) zahagaritswe burundu.
Mu gihe no mu gihugu c’Ubudagi, ihiganwa rya Bundesliga ryiteguriye gutangura mu kwezi kuza ariko bakazokina ibibuga vyugaye ata barorerezi, Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa mw’ijambo yashikirije Inama Nshingamateka yemeje neza ko mu gihugu c’Ubufaransa ata higanwa rititeguriye gutangura. Yagize ati: «Amahiganwa manini manini ntashobora gusubira gutangura imbere y’ukwezi kwa Nyakanga 2020. Umwaka w’inkino wa 2019-2020 ntuzosubira kubandanya ukundi. N’ibindi bikorwa bikoranya abantu barenga 5 000 ntibizongera kwemererwa kuba.»
Abasanzwe barongoye ry’umupira w’amaguru mu Bufaransa Ligue de Football Professionnel (LFP) ko bazohura mu kwezi kuza kugira bafate ingingo ku bijanye n’uko ihiganwa ryorangizwa,imigwi izokina Champions League, Europa League, iyizoduga mu cicaro ca mbere hamwe n’iyizotibuka.
Mu gihugu ca Esupanye ho icizere ni cose ko ihiganwa rigiye gutangura vuba cane. Umushikiranganji wa mbere wa Esupanye Pedro Sanchez akaba yatangaje ko abakinyi n’abanonotsi babigize umwuga bemerewe gutangura imyimenyerezo guhera italiki 04 Rusama 2020.
Sanchez yamenyeshejeko abakinyi b’umupira w’amaguru n’abandi bose basanzwe bakora iyindi mikino bazotangura kwimenyereza ukwabo bonyene, bakurikize kwimenyereza mu migwi mito mito, ubwa nyuma bimenyereze umugwi ukwiye wose ; bikaba vyumvikanako amahiganwa azotangura ari uko ivyo kwimenyereza umugwi wose uri hamwe vyatanguye.
Ariko nubwo biri ukwo, Salvador umushikiranganji w’amagara y’abantu mu gihugu ca Esupanye siko abibona, akaba yanse kwemera ko umupira w’amaguru wotangura vuba. Kuri we, vyiza kwoba kurindira igihe co mu ci bakabona gutangura ihiganwa

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *