}); Ibintu 4 mutamenye ku bukwe bwa Big Fizzo na Kimana Stein - bujahits.com

Music

Ibintu 4 mutamenye ku bukwe bwa Big Fizzo na Kimana Stein

on

Mugani Désiré azwi kw’izina rya Big Fizzo, kuri uyu wa gatandatu italiki 25 Mukakaro 2020 yakoze bisha, akora ibintu vyinshi ku musi umwe mu buryo butari bwitezwe. Big Fizzo kuri uyu musi niho yaronka umuhezagiro w’urugo rwiwe, umuhezagiro uva ku Mana, umuhezagiro umuha uburenganzira n’ubwisanzure bwo kuryamana ibintu bihezagiye kuko nico cari gisigaye.

Umuririmvyi Big Fizzo uretse ko yakoze ubu bukwe bwo mu rusengero, italiki ya 25 Mukakaro kuri we ni umusi uhambaye usivye kandi ko yawongeyeko ibizotuma uguma ari uwuhambaye cane. Italiki nkiyi niho Big Fizzo yavuka, vyumvikana neza ko wari umusi mukuru w’amavuka kuri Gikundiro.

Kuki Big Fizzo yahisemwo kugira ubukwe bwo mu rusengero ku musi w’amavuka wiwe ? Big Fizzo n’umutambukanyi wiwe bari basanzwe baragize ubugeni bwo mw’i komine (Etat civil) , uno musi bateye iyindi ntambwe ikomeye baronka umuhezagiro w’urugo rwabo. Kuba Big Fizzo yahisemwo italiki nk’iyi bifise ico bivuze cane, bisa naho yatanze ubutumwa bukomeye ku ncuti ziwe, ku bakunzi biwe no ku bafana biwe yereka isi yose ko urugo rwiwe ari kimwe mu bintu bikomeye mu buzima bwiwe.

Big Fizzo ikindi kintu yakoze nuko uno musi nyene ariho amasanamu y’indirimbo Ubusa yaja ahabona. Indirimbo Ubusa irimwo amajambo akomeye cane, amajambo aharanira urukundo rw’ibihe vyose hamwe no kutikekana hagati y’abubakanye yasohotse ifise amasanamu meza cane. Ikintu gitangaje cane nuko Big Fizzo yifashishije umugore wiwe Kimana Stein nka Queen Video muri iyi ndirimbo kandi vyose vyarangiye bigenze neza, amajambo ashaka gusambura urugo rwabo bayagwije n’Ubusa mu guca bagenda kuri misiyoni kwironkera umuhezagiro w’urugo rwabo.

Big Fizzo n’umutambukanyi wiwe Kimana Stein

Ubukwe bwa Big Fizzo bwitabiriwe n’abantu benshi cane higanjemwo bagenzi we bakorana muri label ya Bantou Bwoy, abaririmvyi batandukanye n’abamenyeshamakuru. Ubu bukwe kandi bwatashwe na Perezida w’igihugu c’Uburundi, akaba yahishikiye mu gutuma intumwa yiwe yashikirije urugo rwa Mugani Désiré agakemanyi k’inka zibiri, imihezagiro ivuye i bukuru ikaba ibandanya yisuka.

Kuba Big Fizzo yagize ubukwe bwo mu rusengero uno musi, akaba yari afise isabukuru y’amavuka uno musi kandi akongera agasohora amashusho y’indirimbo yiwe kuri uyu musi nyene ; benshi nubu ntibabitahukiwe kuko ntivyari bimenyerewe ariko yabikoze kandi yabikoze neza. Imana ibandanye ihezagiro urugo rwa Big Fizzo abandanye kuba akarorero keza muri vyinshi.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *