}); Gacugere ya Sat B mu ndirimbo zikunzwe cane kuri RFI - bujahits.com

Music

Gacugere ya Sat B mu ndirimbo zikunzwe cane kuri RFI

on


Nyuma y’indirimbo Izina yajabutse imbibe ikavuzwa henshi, ku ncuro ya kabiri , indirimbo Gacugere ya Sat B afadikanije na Bain Turo yamaze kuba Ija mu ndirimbo zikunzwe cane zivuzwa mu kiganiro Afro-Club gica kuri Radio RFI muri iyi ndwi turimwo.Uyu musore Sat B akaba yaheruka gutangaza ko akoze indirimbo izoba hit, indirimbo izomujabukana imbibe z’igihugu ikamushikana ku yindi ntambwe
Kuba iyi ndirimbo Gacugere imenyekanye cane hanze y’igihugu mu mwanya muto cane vyavuye kuba ari indirimbo ikoze neza ku rwego mpuzamakungu kandi ikaba ikoze mu mudiho w’ikinyafrika utambika cane. Iyi ndirimbo Gacugere ije inyuma y’indirimbo Izina ikoze muri rap hamwe n’iyitwa Umubabaro irimwo amajambo akora ku mutima ahibongoje neza, ntije gufasha Sat B gusa ahubwo umuririmvyi Bain Turo yasinye amasezerano muri label ya Empire Avenue abitomborejemwo kuko izina ryiwe rimenyekanye cane gusumba uko vyahora.

Sat B yasezeraniye abafana biwe ko agiye kuzana indirimbo nziza yabanyegeje


Inyuma y’imyaka myinshi Sat B ari mu gacerere , uyu musore amaze no kwironkera ubushimwe butari buke ku mugabane wa afrika, yagarutse atazambaye muri uwu mwaka wa 2020, ibikorwa vyose akora akaba ata na kimwe arakubita swata.
Indirimbo Gacugere ikaba yahiswemwo mu ndirimbo z’abaririmvyi bari ku rwego muzamakungu nka Aya Nakamura, Diamond Platnmuz n’abandi

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *