Music

“DJ Mickey The Mashup Mix Master”

By

on

                  Mbega Mashup mix video yoba ari iki?

Ni umwe muba Dj bongaha muburundi azi kw’izina rya Dj Mickey azwi na cane cane mugisata(categorie)ca Mashup mix video,igisata kizwi nabake kandi gikorwa nabakenya hano mumicungararo yigihugu cacu,mbere akaba ari nuwambere yoba akora ayo ma mashup mix video ngaha muburundi.

Ico gisata ca Mashup kikaba kigizwe n’uruvangavangane rw’imiziki y’abarundi irikumwe niyahakurya y’igihugu bihuye mumudiho umwe.

Dj Mickey akaba amaze gushira ahabona mashup zimwe zimwe nka:(karabarya yumuririmvyi SAT-B,Ni wew ya BIG FIZZO,Impavu ya MISS ERICA) nizindi yinshi zo mugihugu ndestwe nongaha muri AFRICA kandi zimaze gushimwa nabaririmvyi nka SAT-B,DIAMOND,DAVIDO nabandi…

Kuruno musi naho niho yashira ahabona mashup yiwe nshasha igizwe n’indirimbo:Doda by dj Paulin*Rihanna*Mb data*50 cent*B face *B.O.B*Tech N9ne.

https://youtu.be/KXojYlsfR4A

Uyo mu Dj aratubwira nkuko mashup ziwe zivyerekana yuko intumbero yiwe ariyo gushikana umuziki womuburundi kure ukarenga imipaka gushika mumahanga arico mbere anazivanga kugira babonye indirimbo zabo zivangiye mumudiho umwe nindirimbo zacu baheze bazikunde  bongere bazihe agaciro.

Akongera akatubwira ko yipfuza kwerekana ko aba Dj bahano mugihugu ko bashoboye kandi yuko akazi kabo ko menywa na bose kaka menyekana mugihugu no mu micungararo yaco.

Arangiza atera intege abandi ba Dj bagenzi biwe mukubandanya akazi kabo koguteza imbere umuziki wo muburundi;kandi yuko atakibuza yuko umuziki wo muburundi ushika kure kubera yuko ngo bashoboye.

kubipfuza kuronka izo mashup ziwe mwozisanga kurubuga  ngurukana bumenyi bwiwe bwa:mixcloud na youtube.

https://www.mixcloud.com/djmickey257/?fbclid=IwAR2K00yEp-kraX-Oi1gJsU7TLhbjuWyt1rl5gzcmQmO6rnV6D95jfCtxNzY

https://www.youtube.com/channel/UCky16WvPT_x-47MzzRRo_Fw

Facebook Comments

About bujahit

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *