}); Birababaje cane,abakundanye babiri biyahuriye rimwe mu nzu yabo - bujahits.com

News

Birababaje cane,abakundanye babiri biyahuriye rimwe mu nzu yabo

on

Abayobozi b’igipolisi batanguye amatohoza kugira bamenye imvo n’imvano yatumye haba urupfu rw’abakundanye babiri, uwu mugabo n’umugore wiwe bakaba biyahuriye rimwe mu nzu yabo bari babamwo mu muji wa Nairobi muri Kenya. Imibiri yabo yompi bakaba bayisanze yenena hejuru kuri plafond.

Bivugwa ko abo bakundanye bariko batembera bava mu muji wa Nairobi berekeza mu kigwati ca Kaumo ku musi w’iyinga italiki 12 Mukakaro 2020.

Nk’uko vyatangajwe mu makuru ava mu gipolisi, umubiri w’umugore bawusanze uko waremwe, kugeza n’ubu akaba atawuramenya nimba aba babiri baricanye canke nimba hariho uwishe mugenzi we imbere yuko nawe yiyahura.

Abo bapfuye, umugabo akaba yari azwi kw’izina rya Dennis Pius w’imyaka 28, hamwe na Susan Ndeto w’imyaka 19.

Aba bakundanye bikaba bivugwa ko bahora baba muri karitiye ya Kayole mu muji wa Nairobi , nyuma yaho bakaba barafashe urugendo berekeza hanze y’igisagara igihe perezida Uhuru Kenyatta yugurura imbibe z’igisagara italiki 6 Mukakaro.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *