life&hygien

Ingene umukondo wawe umeze bisa ningene witwara mubuzima bwawe? Raba ibintu utaruzi bitangaje cane kumukondo wawe

By

on

Burya abahinga bavuga ko hari ibice bimwe na bimwe vy’umubiri wacu biba bifitanye isano ikomeye n’ingene tuba duteye mubuzima bwacu canke na kamere yacu, aha rero tugiye kurabera hamwe ingene burimunti ateye  bitewe n’uko umukondo wiwe uremye canke umeze

Uburyo bwo kuraba imwe mu myitwarire y’umuntu kanaka hakoreshejwe kurabira ku miterere y’umukondo wiwe bwagiye bukoreshwa kuva kera cane

Abantu bafise umukondo wiburungushuye

Abantu bafise umukondo umeze uku bamana ivyishimo, bipfuza buri gihe ko gahunda zabo zigenda neza gusa bigatuma babaho bishimye, Aba ngo n’iyo bahuye n’ivyago canke amakuba bakora akazi kabo batwenga  ntibakunda kwerekana umubabaro mu bandi, bamana icizere c’ejo hazoza

Abantu bafise umukondo munini cane ariko urimwo imbere

Abantu bafise umukondo umeze uku baboneka nk’abantu basiguritse kandi bagira Ubuntu cane, iyo bafise ivyo batanga ntibita kukuntu bingana batangana umwete wabo wose, bagira umutima wo gufasha buri wese ari mu kaga, bazwiko gukemura amakimbirane mu bwitonzi n’ubushishozi buhambaye

Abantu bafise umukondo utoboyemwo gato cane

Ubushakashatsi bwerekanye ko aba bantu bagira ibanga mu buzima bwabo, ikindi ntibakunda kwinjira mu buzima bw’uyundi muntu ngo bipfuze kumenya vyinshi kuri bagenzi babo, ivyo babonye ni ivyo, mu miterere yabo ntibizera umuntu uwo ari we wese babonye

Abantu bafise umukondo uja imbere

Abantu bafise umukondo umeze uku, bama batekanye kandi bakunda gutekereza cane, barikunda bishira imbere muri vyose, baba bashaka kuboneka cane kandi mu rukundo bakunda kwibaza ibibazo vyinshi kuko bibagora guhitamwo uwo bakundana kuko bipfuza umukunzi ameze nka bo, yiyumva nkuko biyumva

Abantu bafise umukondo munini ariko uraba hejuru

Bene aba bantu baba baravutse neza cane, bishimira kubaho mu buzima bwabo, bamana inguvu zo gukora kandi bakunda guhanga bishasha mu buzima bwabo, mu kubaho kwabo baba bafise intego y’ibanga mu mutima bipfuza kugerako

Abantu bafise umukondo munini utoboyemwo ariko uraba hasi

Aba bo bamana iguvu nke mu buzima bwabo batandukanye n’abo tumaze kuvuga haruguru, gusa naho berekana inguvu nke, bagirubwenge bwinshi, ibintu vyabo babikorana inguvu nke ariko biba birimwo ubwenge, ubuke bw’inguvu bagira rero ngo buba bwahereye mu kwiyumvira ibintu vy’ubwenge bigatuma inguvu z’umubiri ziba nke ariko bafise ivyiyumviro bizima

 

Facebook Comments

About bujahit

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *