Entertainment

Ingaruka zikomeye ziterwa no kwitukuza urukoba [Kwiyambiza]

By

on

Muri iyi minsi abantu benshi cane cane abiganjemwo igitsina gore bakomeje kwisiga amavuta ahindura urukoba, abantu barayisiga bagasa uko bavyipfuza ariko burya ibi ni ibintu bigira ingaruka zikomeye k’ urukoba rw’ikiremwamuntu, Twahisemwo kubagezako rero ingaruka ziterwa nayo mavuta.

Ushobora guhura n’Ubuhumyi

Kwitukuza urukoba canke kwisiga ya mavuta yokwiyambiza bishobora gutuma uba impumyi mu gihe  ayo mavuta yoba aguye mujisho, gutukuza urukoba ntabwo vyagutera ubuhumyi ariko ugomba kwirinda ko ayo mavuta yogwa mu jisho.

Bishobora kugutera ingwara y’ umuvuduko ukabije w’amaraso ndetse na Asima.

Ushobora kuvuga ngo ntibishoboka, ariko vyoshoboka. Umubiri wokira ibintu ushize k’urukoba rwawe harimwo ibinyabutabire bifise ingaruka k’umubiri w’ umuntu  bikoreshwa mu guhindura urukoba . iyo rero ivyo binyabutabire bigeze mu maraso bimwe bitumbera mumutima, wibuke neza umutima niwo ugira uruhare runini mu gutembera kw’amaraso , ibi rero bishobora gutuma habaho umuvuduko w’amaraso ukabije cane. Bisaba kwitonda kuko ivyo dusiga kurukoba rwacu bishika imbere mu mubiri.

Ushobora kuzohura n’uburwayi bwo mu mutwe.

Abahinga mu vy’Ubuzima berekana ko aya mavuta atukuza urukoba ashobora gutera uburwayi bwo mu mutwe, ibi babivuga bagendera ku ngero zitandukanye kuko ayo amvuta aba arimwo amavirusi ashobora kugera mu mubiri w’umuntu agashikira imitsi yo mu mutwe, wibuke neza aya mavuta twabonyeko ashobora gutera umuvuduko w’amaraso, ntiwibaze ngo mbese amavuta ahurira hehe n’amaraso. twabonyeko aya mavuta aba arimwo ibinyabutabire bishobora kugera mu maraso kuko n’ibisanzwe ivyo twisiga bishika mu mubiri.

Bishobora gutera ibikomere bidakira

Aha abantu benshi bakunze guhura n’izi ngaruka , iyo wisize aya mavuta urukoba ruhinduka bigenze gute? abashakashatsi berekana ko iyo wisize aya mavuta , urukoba rugenda rwiyomora gahoro gahoro kugeza igihe uzobona hasigaye rwa rukoba rusa n’urwabera kandi uri umwirabura, kugira ngo vyumvikane neza nukuvuga ngo iyo uyisize uyu munsi ntabwo uca uhinduka ahubwo bigusaba iminsi , bivuze ko hari urukoba ruba rwarakuvuyeko. iyo ugize igikomere rero bigasaba ko kwa muganga bagushona , canke ubagwa , rimwe na rimwe biragorana kuko urukoba ruba rwarataye umwimerere warwo , ruba rworoshe. ibi rero bikaba bishobora no gutera kansere iba yavuye kuri ca gikomere kitakize.

Kugira amabara atandukanye 

Kubera ko nubundi aba atariko usa iyo uhindutse igihe kikagera ukabura ya Mavuta urukoba rutangura kugerageza gusubira uko wasa imbere , kubera ya mavuta ntabwo hose hahinduka ahubwo usanga hamwe hahindutse ahandi hakanka guhinduka ugasanga umuntu afise amabara atandukanye  mwisura.

Aya mavuta ahindura urukoba ni amwe mu mavuta ariko akoreshwa cane muri Afurika aho abadashaka kuba abirabura bashaka guhindura urukoba rwabo kugirango bisanishe n’abazungu icakora abantu ntibabivugako rumwe raba ko akenshi ab’igitsina gore aribo babikunda vyagera mu gihugu  ca Congo bikaba akarusho.

Facebook Comments

About bujahit

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *