life&hygien

Ibintu 7 umugabo wese akwiriye gukorera umugore wiwe mu gihe yibungeze

By

on

Kwibungenga mu buzima bw’abashakanye ni igihe kiba kirekire kandi kirangwamwo ibibazo bitandukanye cane cane ku bagiye kwibaruka umwana wa mbere.

Ni yo mpamvu hari vyinshi biba bigomba guhinduka mu gihe umugore yibungenze cane cane nk’ivyo umugabo aba akwiriye gukorera umukunzi wiwe kugira ngo bakomeze kugubwa neza mu rugo rwabo mu cerekezo c’iterambere.

Ubugenzuzi bwakozwe n’inzobere mu mibano y’abaronderanye bwerekanye ko abagore bibungenze bwa mbere bagira umunezero udasanze muri ivyo bihe iyo abagabo babo bababaye hafi.

Gusa ushobora kwibaza uti: “Mbega ivyo abagabo bagomba kubakorera kugira ngo ivyo bihe bigende neza ni ibiki?” Iki kibazo ni co tugiye gusubiza.

1. Kumufasha imirimo yo mu rugo :

Biragoye ku bagabo kumva iyi ngingo kuko benshi baba bavuga ko imirimo yo munzu yagenewe abagore n’abakobwa ngo kuko ari bo bayikora neza, ariko ngo buriya iyo umugabo afashije umugore wiwe iyo mirimo cane cane iyo yibungenze bimurinda ibintu vyinshi.

Buriya ngo mu mubiri w’umugore yibungenze habamwo umusemburo umutera gushavura akumva afise n’icizere gike c’uko ivyo ari gukora bidashobora guhera.

Kumufasha iyo mirimo yo mu rugo ifatwa nk’iciriritse bikuraho imwe mu mitwaro aba atekereza izanwa n’uwo musemburo,maze akarushaho kugubwa neza bikamurinda umushiha.

2. Kumutega amatwi :

Abahinga mu buzima bw’abagore bavuga ko namba hari ibihe umugore aba akeneye kwitabwaho ni igihe aba yibungenze .

Kumutega amatwi biramufasha cane mu rugendo rwiwe yibungenze kugeza igihe azokwibaruka umwana kuko ngo bimwereka ko umugabo wiwe abana na we mu bimugoye.

3. Kujana na we kwa muganga :

Iki ni ikindi kintu umugore yipfuza ko umugabo yokora kuko ngo mu gihe cose bajanye kwa muganga , ubutumwa bahabwa bugera kuri bose bigatuma umugabo abiha agaciro kanini kuruta uko yoba atagiyeyo.

Ivyo ngo vyishimirwa cane n’umugore yitegura kuronka umwana kuko aba yumva yitaweho cane n’umugabo wiwe.

4. Kwihangana igihe yerekanye impinduka :

Ababizi neza bazi ko umugore yibungenze aba ari mu bihe bigoye aho azinukwa cane cane nk’ibifungugwa, amabara y’imyenda ndetse ngo hari n’abazinukwa abagabo babo.

Muri ivyo bihe bigoye rero ngo aba akeneye ko umugabo yihanganira izo mpinduka kuruta ikindi gihe cigeze kubaho kuko agira ibibazo birimwo no kugira iseseme, gucika intege, kurwaragurika n’ibindi.

Ivyo bihe rero usanga bigora abagabo bamwe kuko benshi bananirwa kwihanganira izo mpinduka ariko ngo iyo umugore afise umugabo yihanganira intege nke biramunyura kabone naho biba bitoroshe.

5. Kumubwira ko ari mwiza kandi ukamwitaho cane :

Abagore benshi ngo biyumvira ko igihe bibungenze bituma baboneka nk’abadashobora gukurura abagabo babo kuko bimwe mu bice vy’umubiri wabo bikurura abagabo biba vyarahindutse.

Kumubwira ko ubwiza bwiwe budashingiye ku bibonekera amaso gusa ahubwo ko buva no mu mutima wiwe biramuryohera bikanamurema agatima akumva koko ko ata kigeze gihinduka, binatuma akomeza kugirira icizere umugabo wiwe.

Muri ico gihe kitoroshe, aba akeneye amajambo meza aturuka mu kanwa k’umugabo wiwe, impano zica umutima n’ibindi…Kumukorera ivyo ngo ni urufunguzo rwugurura amarembo anyuramwo urukundo rusaba umubiri wiwe wose.

6. Kwiyumanganya :

Hari ibintu vyinshi bihinduka ku myitwarire y’umugore mu gihe cose yibungenze kandi ngo ivyo bibaho uko iminsi yicuma. bigora abagabo kwakira bene  iyo myitwarire agira bigatuma yerekanira umugabo wiwe akababaro, umujinya n’iyindi myitwarire mibi.

Kwiga uburyo bwo kwitwararika muri ivyo bihe bituma hari vyinshi bihinduka mu vyiyumviro vy’umugore na we akarushaho kwihangana.

7. Kumugororera imitsi (massage) :

Ngo ibanga abantu batazi ni uko abagore bishimira cane igikorwa cyo kugorora imitsi y’ingingo z’imibiri yabo kandi bikaba akarusho iyo babikorewe n’abagabo babana.

Kumukorera ico kintu ngo bimwongerera umunezero utarondorwa.

Ikosa abagabo bakora ngo ni uko bafata igikorwa co kwibungenga nk’ikiraba abagore gusa yamara ngo ivyo ntabwo ari ukuri ahubwo ngo ni vyiza kumunezeza muri ico gihe kugeza aho akwipfuza kuruta ibindi vyose.

Facebook Comments

About bujahit

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *