life&hygien

Raba ingaruka zigushikira mugihe uriko ukoresha telefone nabi

By

on

Uko imyaka ihita iyindi ikaza ni ko inganda zikora telefone zirushaho kuzanira ababa kwisi ubushasha butandukanye dutuma bata izo bari basanganywe bakagura izindi nshasha kugira ngo bajane n’igihe.

Mu myaka mike iheze hakozwe ubushakashatsi bwerekanye ko uko inganda zikora telefone zirushaho kutwegereza ibikorwa vyazo, ngo ni na ko zidukwegera ivyago.

Ishami ry’umuryango w’abibumvye ryita ku buzima (OMS) ryasohoye incandiko cerekana ububi bwa telefone ngendanwa ku buzima bw’umuntu isaba abantu kuzikoresha neza.

Uretse iyi nyandiko, ibigo vy’ubucuruzi bikora telefone vyihanangiririje incuro nyinshi abagura ivyo telefone kuzikoresha neza mu rwego rwo kwirinda ingaruka mbi zoza inyuma yo kuzikoresha mu buryo budakwiriye canke kuzikoresha mu gihe kidakwiriye.

Raba ingaruka ziva ku gukoresha telefone mu buryo budakwiriye:

1. Kansere

Ikigo c’ubushakashatsi kungwara ya kansere gikorera muri OMS cashize hanze ibimenyetso vy’umuyaga bisohorwa na telefone zigendanwa (onde electro-magnetiques) vyangiza utunyangingo two mu bwonko bw’umuntu bikaba vyotera kansere y’ubwonko yitwa Glioma.  Inama batanga nuko mu gihe umuntu ariko avugira kuritelefone yoyishira telefone nimiburiburi kuri milimetero 25 uvuye ku mubiri nk’uko bisigura n’amabwiriza yatanzwe n’uruganda rwa Blackberry.

Apple yo yatangaje ko mu gihe ukoresha Iphone ngo ugomba kuyishira nibura kuri milimetero 15 uvuye ku mubiri wawe. Kutubahiriza ibi vyongera ivyago vyo kurwara kansere z’uburyo butandukanye.

2. Kugira ibibazo vyo mu mutwe

Ubushakashatsi bwakozwe na OMS ndetse n’abandi bigenga kuri iyi ngingo bwerekanye ko gukoresha telefone nabi bishobora gutuma umuntu agira ibibazo vyo mu mutwe.

Umuntu yahuye n’iki kibazo atangura kugira itiro rya buri kanya bitewe n’uko hari utunyangingo two ku bwonko twononekaye.

Ni yo mpamvu abantu bagirwa inama yo gushira telefone kure y’umutwe kandi mu gihe bazivugirako ntibazikoze ku mutwe.

3. Impanuka

Hari igihe gukoresha telefone mu buryo bubi biteza impanuka, aha twovuga nk’igihe umuntu akoresheje telefone yiwe icometse kumuyagankuba, ibi bishobora guteza iturika rya telefone bigateza impanuka zikomeye.

Ikindi kibazo kiba ku bantu bakoresha telefone mu buryo budakwiriye ni impanuka za hato na hato zivuka haba ku batwaye ibinyabiziga no ku bagendesha amaguru mwibarabara.

Mu gihe umuntu agenda mwibarabara avugira kuri telefone hari aho ashira ivyiyumviro vyiwe cane ku muntu bariko baravugana kuri telefone bigateza impanuka zituma abantu babura ubuzima, abandi bakahakura ubumuga budakira.

Muri make abantu bakwiriye kugendana n’iterambere rituzanira ivyiza ariko ivyo vyiza iyo bidakoreshejwe mu buryo bukwiriye bigira ingaruka ku buzima bw’umuntu.

Uko mu kwirinda ingwara zitandukanye ndetse n’ibibazo vyo mu mutwe, vyoba vyiza buri muntu wese aguze telefone abanje gusoma agatabo gasohokana na yo hanyuma agakurikiza inama ziriko.

 

Facebook Comments

About bujahit

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *