life&hygien

Ibi nibintu bituma abahungu batihutira kubaka kandi ataco babuze

By

on

Abantu benshi bahora bibaza impamvu abasore basigaye bagira iciyumviro co gushinga urugo aruko bakuze.

Ibi bihabanye no ku ruhande rw’abakobwa aho bo batangura kugira iciyumviro co gushaka bagatangura no gushushanya uko ingo zabo zizoba zizomera batari batarageza ku myaka ibemerera gushingiranwa.

Benshi biyumvira ko abasore bakererwa gushingiranwa n’abakunzi babo kubera kubura amafaranga ariko hari benshi bazwiko kugira amafaranga menshi n’ubutunzi bwinshi ariko ugasanga nta ciyumviro co gukora ubukwe bafise.

None mbe muvy’ukuri ni iki gituma abasore badashaka kandi bageze mu gihe co kurondera abagore, nukubura amafaranga? Ni iki gituma bamwe batagira ubwo bushake kandi n’iyo bibaye usanga babigenza buhoro? Raba ivyo abasesanguzi mu vy’imibano y’abantu bagiye berekana:

1. Bagira ubwoba bwo kwitanga

Ubukwe ni ikintu gisaba kwitanga vyimazeyo uko benshi mu basore bageze mu myaka ibemerera gushaka usanga bafise ubwoba yemwe no ku munsi w’ubukwe.

Icakora ngo usanga ku ruhande rw’abakobwa ho bidasa n’ivy’abahungu kuko bo barangwa n’ubu bwitange ku buryo baba biteguye gukora igishoboka cose ngo ibintu vyose bigende neza nk’uko bavyipfuza.

2. Ntibihutira kuva mu cicaro barimwo

Iyo umuntu akiri umusore usanga ari umuntu yigenga kandi aba yishakira ibintu bimunezereza. Nta nshingano nyinshi agira nk’iz’abafise ingo. Ibi bituma abasore benshi bahitamwo kwibera muri ubu buzima aho kwiyumvira gushaka abazobabera ivyishimo mu muryango.

Ikindi kandi baba bazi neza ko igihe bashinze ingo zabo, ibintu vyose bizoba vyahindutse bigatuma bagira ubwoba bwo gushinga ingo akenshi birinda imigogoro yo mu miryango.

3. Bagira ubwoba bwo gufata ivyemezo

Gufata icemezo co gushinga urugo bitera ubwoba abasore benshi. Kimwe mu bintu bikomeye batinya gukora ni uguhitamwo abakunzi babo bagasezerana imbere y’amategeko n’imbere y’imbaga y’abantu ko bazobana akaramata.

Ndetse ngo n’igihe bazi neza ko abo bagiye gushingiranwa ari abantu beza kandi babereye urugo, usanga bakicifisemwo akantu ko kumushidikanyako, atari uko abishaka ahubwo bitewe n’uko aba adashaka gukora ikosa ryo gushaka uwuzotuma yicuza.

4. Birukira mu gushaka ubutunzi

Iki ni ikintu gihuriweko n’abasore muri rusangi ariko cane cane abatari bashaka. Ibi ngo biterwa n’uko baba bishakira umutuzo no kugubwa neza mu gihe bazoba bubatse ingo uko bakibwira bati reka tubanze turundanye ibizotuma imiryango yacu imererwa neza.

Muri kamere yabo ngo baba barajwe ishinga no gushaka amafaranga, kugura imodoka, kubaka amazu imbere yo kuja ku ruhimbi basezerana imbere y’Imana n’abantu.

5. Nta muntu bizera iyo bamaze kuronka amafaranga

Ibi vyo birasekeje: Abasore bavuga ko badashobora kubaka ingo zabo mu gihe badafise amafaranga ariko igitangaje ni uko inyuma yo kuyaronka usanga batakariza icizere abakobwa bose bipfuza gukundana na bo kuko baba bakeka ko buri mukobwa wese yipfuza gukundana na bo aba akurikiye amafaranga.

Ibi bituma bafata umwanzuro wo kuguma yiyumvira imbere y’uko bahitamwo maze igihe kikicuma bakageza mu myaka y’ubukuru bagitegereje abo bazobana na bo kandi bizeye.

6. Bafise kamere yo kugira indimi nyinshi

Muri kamere y’abagabo bakunda abagore ku buryo umusore umwe usanga afise incuti nyinshi bikamugora gufata icemezo.

Muvy’ukuri ngo ntaba ashaka kugira uwo abesha naho inyuma yisanga yaguye mu mutego nk’uwo. Ngo baba bashaka kugira incuti z’abakobwa benshi kugira ngo bazitoranyirizemwo ababereye urugo.

Ibi ngo bibatwara igihe kirekire bigatuma bateba gushaka rimwe na rimwe bigahera badashatse.

7. Urunganwe rwabo

Impamvu abakobwa beshi bakunda gushingirwa bakiri bato nuko usanga bahora ku gitutu ca bagenzi babo kuko iyo babonye ab’urunganwe rwabo bashatse abagabo na bo bipfuza guca bashaka kuko ntibaba bipfuza ko urunganwe rubasiga bakiri inkumi.

Gusa iki gitutu ntabwo uzogisanga ku basore kuko baba babona bagenzi babo nabo batararondera ndetse rimwe na rimwe badafise n’iciyumviro co kurushinga.

Muri make ntabwo abasore bapfa kwiyumvira igikorwa gikomeye co gukora ubukwe kuko baba bafise vyinshi baba biyumvira imbere y’uko bashaka. N’igihe bari mu rukundo, baritonda cane ngo badakora ikosa rizobakurikirana ubuzima bwabo bwose.

Facebook Comments

About bujahit

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *