life&hygien

Impamvu itangaje utari uzi yongera ivyago vyo kurwara kansere

By

on

Kanasere  ni ingwara itandura ariko ikomeje koreka imbaga ku buryo butangaje aho usanga ari abatunze n’abakene bose atawe itinya. Mu mpamvu zitera iyi ngwara y’ikimungu yamaze benshi hari izo usanga uzi izindi ugasanga aribwo bwa mbere uzumvise.

Impamvu isa naho ari nshasha mu matwi y’abantu ariko ifise uruhara runini cane mu gutera kansere, nugukoresha ibikoresho bibi bikozwe muri plastike.

Impuguke mu gutanga ubujana ku mirire, ibikoresho bikozwe muri plastike bigira uruhara mu gutera kansere z’ubwoko butandukanye ndetse n’izindi ngwara nka diyabete, ubugumba n’ibindi, bitewe n’ikinyabutabire bita bisphenol A( BPA) kiboneka cane mu bikoresho vya plastike.

Bivugwa ko ubushakashatsi butandukanye bwashizwe ahaboneka bwerekanye ko hari ibinyabutabire bitari vyiza ku buzima burenga 24 500 basanze mu mazi yo kunywa agurishwa mu macupa ya plastike. Ubwo bushakashatsi bwakorewe ku mazi agera ku bwoko 18 agurishwa mu bice bitandukanye kwisi. Ayo mazi bayasanzemwo za oestrogenes, endrogenes na za hormones. Mu gihe mu mazi asanzwe akiva kwisoko ho atavyo basanzemwo. Nubwo ingaruka amazi yo mu macupa ya plastike Atari nyinshi ku mubiri birasaba kugira ubwingengeserezi kuko ingaruka zigenda zirushaho kuba nyinshi uko umuntu akoresha ayo mazi cane.

Mu gihe ubishoboye wobika amazi mu macupa y’ibaruhure amwe aba afise udufuko inyuma tuyarinda kumeneka aho kuguma kunywera amazi mwisoko iroze.
Hari abantu bamwe mu biguhu vyateyimbere bamagana ikoreshwa rya BPA mu bikorsho vya plastike n’ibindi nk’imbere muri bwate z’ivyuma zibikwamwo ibintu biba bizotebamwo( sauce tomate) ariko bamwe usanga batavyitaho ndetse hakaba n’igihe inganda zandikako ko ata BPA irimo.

Iki kinyabutabire gifise ubushozi bwo kuja mu buryo n’ivyo kunywa vyabitswe mu bikoresho kirimwo uretse ko usanga hari n’ibindi binyabutabire biba Atari vyiza biboneka mu bikorsho cane cane ivya plastike.
Igihe ivyo bikoresho birushaho kwanduza ibiribwa birimwo:

Ibikoresho vya plastike ( amasahani, ibikombe, tetines z’abana, …) bigira ubushobozi bwo kwanduza ibifungurwa birimwo cane cane mu gihe bishuhijwe. Ni ukuvuga ko iyo ushize ibifungurwa bishushe muri ivyo bikoresho canke ukabishira ahantu hashushe nko ku zuba, muri micro onde, mu modoka n’ahandi vyongera ubushobozi bwo gusohora vya binyabutabire bitari vyiza ku buzima biri no kwisonga mu gutera kansere bikaza mu biribwa canke mu binyobwa.

Bavuga ko ahanini abana aribo bahura n’ivyago vyo kurya ibiribwa birimwo BPA bakuye mu bikoresho bakoresha, kuko usanga ahanini ibikoresho vy’abana bakoresha mu kunywa no kurya bikoze muri plastike kandi bikajamwo ivyo kurya n’ivyo kunywa bishush6e. Hari n’ababiteka mu rwego rwo kubikorera isuku bataziko bariko babongerera ivyago vyo kurwara kansere.

Ikindi cotuma ibikoresho vya plastike birushaho kukugirako ingaruka ni igihe utitaye ku bimenyetso biboneka ku macupa hasi. Urugero hari amacupa ya plastike aba afise ka mpande zitanu kanditseho 1 canke kariho ijambo PET, izo nta BPA iba irimwo gusa basaba ko uzoza uyakoresha incuro imwe gusa, ntusubire gushiramwo ibintu.

Amacupa ariko akamenyetso kumpande zitanu kanditseko indwi aba akozwe muri polycarbonate ayo macupa yo akaba ata kibazo atera kiretse mu gihe ashushijwe canke akaba ashaje.
Gushira ibiribwa canke ivyo kunywa bifise ibinure mu bikoresho vya plastike navyo bituma BPA irimwo yimukira mu biribwa.

Ni vyiza rero ko tuza dushishoza mu bikoresho vyacu vya plastike kuko bishobora kutubera impamvu yo kuzosanga dufise kansere zo mu bwoko butandukanye nizindi ngwara nka za diyabete, kubura uruvyaro n’ibindi.

Facebook Comments

About bujahit

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *