life&hygien

Ibintu bizokwereka kumugabo wawe agucinyuma

By

on

Kugeza ubu nta gipimo kibaho gipima ubudahemuka bw’umuntu ngo imbere y’uko umukunda mubanze mwipimishe, ariko kandi n’aho cobaho vyosaba ko muzojayo kenshi mu buzima kuko umuntu arahinduka.

Naho bimeze uko abahinga mu vy’imibano yumuntu hari imico imwe n’imwe bemeza ko ari ibimenyetso mpuruza ko uwo mwashakanye yamaze guhinduka rwose ndetse ko atagitinya no kuba yoguca inyuma.

Yamara kandi batanga inama ko umuti wo gukemura iki kibazo atari uguhangana n’intonganya zidahera no gutandukana kuko ibikomere n’inkovu bitewe no guhemukirwa mu rukundo bihora biva, ahubwo umuti ari ukwicarana mu kaganira mugashaka umuzi w’ikibazo vyoba ngombwa mukibashisha abajana mwizeye. Mbese kuki abagabo bahemukira abo bashakanye?

Muri rusangi, umugabo guca inyuma uwo bashakanye biterwa n’impamvu nyinshi:

Kubura umutuzo:Urugo niho hantu hambere umuntu aruhukira, iyo habaye impamvu rero ituma umuntu atakihabona umutuzo umutera kuruhura, bishobora kuba impamvu ya mbere yo kuja kurondera ahandi bikamutera no kuguca inyuma.

Kubura ivyo yari akwitezeko:Umugabo ashobora kwibwirako umugore wiwe azohaza kwipfuza kwiwe kose, mwamara kubana agasanga uko yibwira ko uzomufata mu buzima bwa buri munsi n’uko uzomushimisha mu buriri ndetse n’uruvyaro muzogira bikamutera kuja kubirondera ahandi.

Agahararo:Iyindi mpamvu ikomeye itera abantu gucana inyuma n’uguhararukana, akenshi iyo abagore bageze mu rugo baricara bakaramvya bakibagirwa uko biyitagaho bagiye kuhura n’abakunzi babo, uko guhora udashamaje nka mbere bigatera umugabo kuguhararuka.Gusa hari abagabo muri bo bahora bahindagurika bigatuma baharara canke baharurukwa, ico ni ikibazo co mu mutwe ariko kandi iyo abasanze abaganga baramufasha bigahera.

Ibimenyetso vyerekana ko umugabo wawe asigaye aguca inyuma:

  1. Kuba nyamwigendako
  2. Gutaha ijoro
  3. Guhinduka ningoga ukuboneka
  4. Kwamana ishavu ninzigo
  5. Kurondera icotuma mushwana
Facebook Comments

About bujahit

Recommended for you

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *