}); Abarundi bugaraniye I Dubai baratakambira leta y'Uburundi kubafasha kugaruka muhira - bujahits.com

News

Abarundi bugaraniye I Dubai baratakambira leta y’Uburundi kubafasha kugaruka muhira

on

Abanyagihugu barenga 200 bava mu gihugu c’Uburundi basa nababohewe mu gisagara ca Dubaï kiri mu Bwami bwunze ubumwe bw’Abarabu guhera mu kwezi kwa Ntwarante 2020.Ibi bikaba vyatumwe nuko ingendo z’indege zahagaritswe kubera koronavirusi, aba barundi bariyo bakaba bavuga ko vyabananiye uko bova i Dubaï bagataha mu gihugu c’amavukiro.

Aba banyagihugu bo mu Burundi bakaba bipfuza ko ubutegetsi bw’igihugu cabo bubafasha kugira bashobore gutahuka muhira. Bavuga yuko ibihe barimwo bishobora gutuma batabwa mw’ibohero kubera ko ikiringo bari bemerewe kuba no gukorera imirimo ku butaka bwa Dubaï cegereje kurangira italiki 12 muri uku kwezi kwa Myandagaro.

Aba barundi bakaba bavuga yuko bari barishe itike y’indege yo kubasubiza inyuma muri kompanyi yo mu gihugu ca Kenya (Kenya Airways), ariko bakaba bamenyesha yuko iyi kompanyi ya Kenya Airways yababwiye ko idashobora kubashikana mu Burundi kubera ko ikibuga c’indege cugawe kubera koronavirusi.

Ku ruhande rw’ubuserukizi bw’Uburundi mu gisagara ca Dubaï, bumenyesha yuko iki kibazo cabo barundi kiriko gikurikiranwa kandi inyishu izoboneka vuba kubera ko n’ubutegetsi buriko bukurikirana ico kibazo.

Umwe mu barundi yitwa Banga Rigumye yagiye Dubaï ajanywe no kurondera akazi, yabwiye ibimenyeshamakuru ko ingorane bariko bahura nazo zatanguye mu kwezi kwa gatatu uwu mwaka inyuma yaho igihugu c’Uburundi gihagaritse ingendo zo hejuru kubera koronavirusi.

Aba banyagihugu bakaba basavye leta y’Uburundi ko yobemerera gutaha muhira mbere naho ikibuga c’indege coba kitaremererwa kwongera gukora, kuko ubutegetsi bwo mu Bwami bwunze ubumwe bw’Abarabu bushobora kubahana.

Umuserukizi w’Uburundi mu gisagara ca Dubaï akaba yasavye abo barundi bari i Dubaï kwihangana gushika ikibuga c’indege co mu Burundi congeye kwugurura kugira babone uko bosubira imuhira mu mihana yabo.

Facebook Comments

About Sophonie Blaine

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *